BBC Mundo

Abaperezida 5 bandi batashoboye kurangiza ibiringo vyabo kubera ibiturire nka PKK muri Amerika y”ikilatini

Muri Amerika y’ikilatini hari abaperezida 5 bandi batashoboye kurangiza ibiringo vyabo kubera ibiturire nka Prezida Pedro Pablo Kuczynski (PPK) wa Pérou aheruka gusezeregwa.

Ingeso igenda igaruka.

PUBLICIDAD

Abakuru b’ibihugu batanga imihoho, bagahunga ibihugu vyabo canke bagakugwa kubera ingeso y’ibiturire no kunyuruza itunga ry’igihugu biragwiriye cane muri ino myaka 20 mu karere ka Amerika y’ikilatini.

Muri ino myaka itanu yonyene, abakuru b’ibihugu batatu baravuye ku butegetsi muri ako karere kubera izo mvo.

Ivya nyuma vyabaye ku munsi wa Gatatu, igihe Prezida wa Pérou, Pedro Pablo Kuczynski (PPK), yategekwa kuva ku butegetsi kubera ivyo yagiye araregwa bijanye no kunyuruza itunga ry’igihugu hamwe n’ibiturire.

Uwo mukuru w’igihugu wa Pérou arindiriye ko inama nshingamateka yemeza ikinjura ryiwe canke ikamukuza ku butegetsi bitewe nuko ikibanza c’umukuru w’igihugu kizoba kigaragara.

1- Pedro Pablo Kuczynski (Pérou)

 Inyuma y'imyaka iri munsi y'ibiri ku butegetsi, Kuczynski yatangaje ko atanze imihoho ku munsi wa Gatatu
Inyuma y’imyaka iri munsi y’ibiri ku butegetsi, Kuczynski yatangaje ko atanze imihoho ku munsi wa Gatatu

PUBLICIDAD

Tags

Lo que debe saber


Lo Último